#72
Imana itanga isezerano
Umuco
Couplet 1
Iman’itang’Isezerano, ibihe vyose arik’ abarishikira, bama ari bake.
Refrain
Irase-zerana; ariko ni bake barishikira.
Couplet 2
Imana Yasezeraniye, Abisirayeli igihugu c’i Kanani hashitseyo babiri.
Refrain
Irase-zerana; ariko ni bake barishikira.
Couplet 3
Umwami Yasezeraniye, Intumwa ziwe, yukw’ Azogaruka muri bo, vyabonywe n’abizeye.
Refrain
Irase-zerana; ariko ni bake barishikira.
Couplet 4
Natwe dufis’ Isezerano, ry’Umwami Yesu, yukw’ Azogaruka gutwara abiteguye.
Refrain
Irase-zerana; ariko ni bake barishikira.
Couplet 5
Iryo Sezerano benshi, bararyiteze, ariko benshi siko bazoryinjiramwo.
Refrain
Irase-zerana; ariko ni bake barishikira.
Couplet 6
Ntitumere nk’abiteze, ico batazi; ntituze tumaramare kuri wa munsi.
Refrain
Irase-zerana; ariko ni bake barishikira.