Indirimbo Zikundwa Open in the app

#53

Hari umubiri umwe

Umuco

Couplet 1

Har’Umubir’ umwe na Mpwemu umwe, kandi dufis’ icizigiro kimwe, har’Inzir’ imw’ishikana mw’Ijuru ./.Haleluya, Haleluya, Haleluya./.

Couplet 2

Har’Umwami umwe n’ukwizera kumwe, kandi hari n’umubatizo umwe, Yesu Kristo Yasiz’ abwiy’ abiwe, ./.Haleluya, Haleluya, Haleluya./.

Couplet 3

Hari Dat’umw’Iman’ Isumba vyose, Yaremye vyose kand’Aganza bose, isi n’ijuru biri mu biganza vyiwe, ./.Haleluya, Haleluya, Haleluya./.

Couplet 4

Yesu Kristo Yaraduze mw’Ijuru, afis’intsinzi ajanyey’ iminyago, Agabira abana biwe ingabire ./.Haleluya, Haleluya, Haleluya./.

Couplet 5

Yahaye bamwe kuba intumwa, abandi kub’abavugihwa nawe; abandi kuvuga Ubutumwa Bwiza ./. Haleluya, Haleluya, Haleluya./.

Couplet 6

Abandi na bo kub’abungere, abandi na bo kub’abigisha; kugir’abera bashike kukwezwa ./.Haleluya, Haleluya, Haleluya./.

Couplet 7

Vyose tubikorere mu Rukundo, twuzuy’ ukwicisha bugufi twese; twuzuy’ Ubumwe n’Amahoro y’Umwami ./.Haleluya, Haleluya, Haleluya./.