Indirimbo Zikundwa Open in the app

#43

Ibimenyetso vyo kugaruka

Umuco

Couplet 1

Ibimenyetso vyo kugaruka, kwa Yesu Umwami biraboneka ivyo yavuze, vyarashitse vyose ./.None rero bagenzi twitegure./.

Couplet 2

Satani akora mu buryo bwinshi, yama arondera abana b’Imana, asigaranye akanya gato ./.None rero bagenzi twitegure./.

Couplet 3

Yesu yavuze ivy’iki gihe, abantu benshi urukundo rwabo, ruzotimba benshi cane ./.None rero bagenzi twitegure./.

Couplet 4

Mu ngeso zacu, no mu bwenge bwacu ni ho turwanira n’umwansi satani, muze twiyegereze Imana nzima ./.None rero bagenzi twitegure./.

Couplet 5

Yesu ari hafi kugaruka, kuduh’impera y’ivyo twakoze, yamana natwe iteka ryose ./.None rero bagenzi twitegure./.