Indirimbo Zikundwa Open in the app

#38

Mwami Yesu je ndagusavye

Umuco

Couplet 1

Mwami Yesu je ndagusavye uhumur’amaso abana bawe, tubon’ibitangaza vyawe ukora vyo mur’iki gihe cacu.

Refrain

Turusheho kukubona Mwami mu mitima yacu, turusheho kukubona Mwami ibihe vyose.

Couplet 2

Kangur’ abana bawe mur’iy’isi ntiturabe kubir’inyuma, ariko turabe kubir’imbere birimwo ubugingo n’amahoro.

Refrain

Turusheho kukubona Mwami mu mitima yacu, turusheho kukubona Mwami ibihe vyose.

Couplet 3

Urusheho kuduhumura amaso tubone amasezerano yawe, ab’ari yo atubera umuco udushikana mw’ijuru.

Refrain

Turusheho kukubona Mwami mu mitima yacu, turusheho kukubona Mwami ibihe vyose.

Couplet 4

N’uturongore mur’iy’inzira duhonyore mu kirenge cawe, niho tutazota ya nzira nziza itujana mu bugingo.

Refrain

Turusheho kukubona Mwami mu mitima yacu, turusheho kukubona Mwami ibihe vyose.