Indirimbo Zikundwa Open in the app

#37

Mwami Mana nzima

Umuco

Couplet 1

Mwami Mana nzima Mana y’Ubushobozi Mwami ndagusavye ngumfashe; ni wewe Rukundo, ni wewe mahoro yanje ni wewe vyizigiro vyanje.

Refrain

Ni Wewe nizeye, ni Wewe nizeye, kandi ni Wewe nizigiye; Mwami nuz’ Umfashe, jewe nuz’ Umfashe, mbone kumutsinda Satani.

Couplet 2

Ni Wewe Uwera Wew’Uri hejuru, y’ibintu vyose vyitw’imana; ni wewe waremy’ibiri mw’isi vyose ni Wewe vyizigiro vyanje.

Refrain

Ni Wewe nizeye, ni Wewe nizeye, kandi ni Wewe nizigiye; Mwami nuz’ Umfashe, jewe nuz’ Umfashe, mbone kumutsinda Satani.

Couplet 3

Raba mur’uru Rugendo ndimwo Mukiza nta nakimwe no kwishoboza: jewe nd’umunyantege nke cane rwose, Mwami ndagusavye ng’umfashe.

Refrain

Ni Wewe nizeye, ni Wewe nizeye, kandi ni Wewe nizigiye; Mwami nuz’ Umfashe, jewe nuz’ Umfashe, mbone kumutsinda Satani.

Couplet 4

Ni wewe wankuye mu rwobo rw’urupfu, unyerek’inzira y’umuco: none rab’abansi banje bankikuje hose, Mwami ndagusavy’ untabare.

Refrain

Ni Wewe nizeye, ni Wewe nizeye, kandi ni Wewe nizigiye; Mwami nuz’ Umfashe, jewe nuz’ Umfashe, mbone kumutsinda Satani.

Couplet 5

Rab’abana bawe aho turi mur’iy’isi, duhura n’ingorane nyinshi: ntawundi twizigiye ko yodufasha atari wew’Imana nzima.