Indirimbo Zikundwa Open in the app

#35

Bene data nitwumvire

Umuco

Couplet 1

Bene Data nitwumvire impanuro Imana Iduha, tugir’ukwizera mu mitima yacu, nk’ukw’abana b’Imana ba mbere.

Refrain

Bar’ingenzi n’akavantara kw’isi bizer’Imana, iy’isi ntiyar’ibabereye, abo bose bapfuye bacizeye.

Couplet 2

Bose bapfuye bacizey’Imana, batarabon’ivyasezeranywe; ariko barabibona biri kure, bakabisasirira.

Refrain

Bar’ingenzi n’akavantara kw’isi bizer’Imana, iy’isi ntiyar’ibabereye, abo bose bapfuye bacizeye.

Couplet 3

Bifuz’igihugu kirushirije, iy’isi kuba iciza; ni co gituma batamaramazwa, no gushingir’Imana intahe.

Refrain

Bar’ingenzi n’akavantara kw’isi bizer’Imana, iy’isi ntiyar’ibabereye, abo bose bapfuye bacizeye.

Couplet 4

Bose bamerewe nabi aha kw’isi, kukw’iy’isi atar’iy’iwabo; bashirwa mu ngoyi no mu mabohero abandi bicishwa amabuye.

Refrain

Bar’ingenzi n’akavantara kw’isi bizer’Imana, iy’isi ntiyar’ibabereye, abo bose bapfuye bacizeye.

Couplet 5

None mwene Data wakiwe n’umuco, ako n’akarorero keza; twifuze kumera nk’abo bizera, duhahamire ico gihugu.