#35
Bene data nitwumvire
Umuco
Couplet 1
Bene Data nitwumvire impanuro Imana Iduha, tugir’ukwizera mu mitima yacu, nk’ukw’abana b’Imana ba mbere.
Refrain
Bar’ingenzi n’akavantara kw’isi bizer’Imana, iy’isi ntiyar’ibabereye, abo bose bapfuye bacizeye.
Couplet 2
Bose bapfuye bacizey’Imana, batarabon’ivyasezeranywe; ariko barabibona biri kure, bakabisasirira.
Refrain
Bar’ingenzi n’akavantara kw’isi bizer’Imana, iy’isi ntiyar’ibabereye, abo bose bapfuye bacizeye.
Couplet 3
Bifuz’igihugu kirushirije, iy’isi kuba iciza; ni co gituma batamaramazwa, no gushingir’Imana intahe.
Refrain
Bar’ingenzi n’akavantara kw’isi bizer’Imana, iy’isi ntiyar’ibabereye, abo bose bapfuye bacizeye.
Couplet 4
Bose bamerewe nabi aha kw’isi, kukw’iy’isi atar’iy’iwabo; bashirwa mu ngoyi no mu mabohero abandi bicishwa amabuye.
Refrain
Bar’ingenzi n’akavantara kw’isi bizer’Imana, iy’isi ntiyar’ibabereye, abo bose bapfuye bacizeye.
Couplet 5
None mwene Data wakiwe n’umuco, ako n’akarorero keza; twifuze kumera nk’abo bizera, duhahamire ico gihugu.