#30
Bakristo ve hasi
Umuco
Couplet 1
Bakristo ve hasi yemwe twitegure neza, abenshi bibaza yuko Yesu Atebaganye.
Refrain
Uhoraho Imana yacu ntatebej’Isezerano, ariko Agomba ko bose bihan’ivyaha vyabo.
Couplet 2
Abenshi ntibabon’ibimenyetso Yavuze, bibaza yukw’ivyo Yavuze bitarashika.
Refrain
Uhoraho Imana yacu ntatebej’Isezerano, ariko Agomba ko bose bihan’ivyaha vyabo.
Couplet 3
Ibimenyetso Yavuze vyarashitse vyose, niwikangur’uve mw’itiro witegereze.
Refrain
Uhoraho Imana yacu ntatebej’Isezerano, ariko Agomba ko bose bihan’ivyaha vyabo.
Couplet 4
Bakristo nimuze yemwe twitegure vuba, tumere nk’umugeni iyo yiteze Umukwe.
Refrain
Uhoraho Imana yacu ntatebej’Isezerano, ariko Agomba ko bose bihan’ivyaha vyabo.
Couplet 5
Hahiriw’abamesur’imvune zabo neza ngo babone kwegera ca giti c’ubugingo.