#29
Amaraso y’umwami Yesu
Umuco
Couplet 1
Amaraso y’Umwami Yesu niy’aduhanagura imyanda, Iyo Satan’ adutey’ imyampi Amaraso niyo adufasha.
Refrain
Amaraso y’Umwami Yesu niy’aduha kuba ab’Imana; niy’akiza abananiwe, niy’abona ivyihishije.
Couplet 2
Amaraso y’Umwami Yesu niyo yatuberey’ishikanwa, iyo dutakambiy’ Uhoraho Amaraso niyo ducamwo.
Refrain
Amaraso y’Umwami Yesu niy’aduha kuba ab’Imana; niy’akiza abananiwe, niy’abona ivyihishije.
Couplet 3
Amaraso y’Umwami Yesu niyo Data aturabiramwo, uwanyoye kur’ayo Maraso yama afis’Ubushozi bwayo.
Refrain
Amaraso y’Umwami Yesu niy’aduha kuba ab’Imana; niy’akiza abananiwe, niy’abona ivyihishije.
Couplet 4
Uwanyoye Amaraso ya Yesu, yama afis’ubugingo muri we, kandi uwunywa kurayo Maraso, yama afise intsinzi muri we.
Refrain
Amaraso y’Umwami Yesu niy’aduha kuba ab’Imana; niy’akiza abananiwe, niy’abona ivyihishije.
Couplet 5
Mwami Yesu nuze umfashe, mbone gushushanywa nawe Mwami, Amaraso yawe, ambere, igitutu co kunkingira.