#26
Yesu yariko araganira
Umuco
Couplet 1
Yesu yariko araganira, hamwe n’abatumwa biwe, maz’arababaza ati: mwumva bavuga ngo ndi nde?
Refrain
Bamwe bavuga ng’uri Yohana, abandi nabo ng’uri Eliya, ng’ur’umwe muri babandi bavugishwa n’Imana.
Couplet 2
Petero ni we yamumenye, at’uri Kristo w’Imana, abandi ntibamumenye kand’ari Jambo w’Imana.
Refrain
Bamwe bavuga ng’uri Yohana, abandi nabo ng’uri Eliya, ng’ur’umwe muri babandi bavugishwa n’Imana.
Couplet 3
Abayuda ntibamumeye, kirets’abana b’Imana, kuko batari bubatse ku masezerano y’Imana.
Refrain
Bamwe bavuga ng’uri Yohana, abandi nabo ng’uri Eliya, ng’ur’umwe muri babandi bavugishwa n’Imana.
Couplet 4
Benshi mur’iki gihe cacu, bameny’ ivyabaye mbere; ariko ntibamenya na mba, ibiba mu gihe cabo.
Refrain
Bamwe bavuga ng’uri Yohana, abandi nabo ng’uri Eliya, ng’ur’umwe muri babandi bavugishwa n’Imana.
Couplet 5
Dufis’igihe ciza cane, co kumenyana n’Umwami, na twe ntitube nk’abayuda batamumenye Mesiya.