#13
Mwami Yesu je ndagushima
Umuco
Couplet 1
Mwami Yesu je ndagushima urukundo wankunze jewe warankunze uranyiyereka kuva iy’isi ikiremwa jewe warunzi Mwami.
Refrain
./. Ewe Mukiza wanje nushimwe Haleluya./. ./. Ewe Mwami n’unshoboze Mbone gutsind’isi./.
Couplet 2
Ewe Yesu je ndagushima ubuntu bwawe wangiriye warambonye je ndi mu buja nca numva ijwi ryawe ryiza nca ndagukurikira.
Refrain
./. Ewe Mukiza wanje nushimwe Haleluya./. ./. Ewe Mwami n’unshoboze Mbone gutsind’isi./.
Couplet 3
Kandi Mwami ndagushimira ukuri kwawe wanshizemwo kugira ngo mbone kunesha mu rugendo ndimwo.
Refrain
./. Ewe Mukiza wanje nushimwe Haleluya./. ./. Ewe Mwami n’unshoboze Mbone gutsind’isi./.
Couplet 4
Kandi Yesu je ndagusavye fasha bene Data bayovye bakumenye wewe bugingo, barongore kw’isoko nziza babone kuyinywako.
Refrain
./. Ewe Mukiza wanje nushimwe Haleluya./. ./. Ewe Mwami n’unshoboze Mbone gutsind’isi./.
Couplet 5
Mwami Yesu nzama ngushima kuko wamurikiye jewe uyu Muco w’igihe cacu kugira ngo mbone vyose biva kuri wa mubi.