#9
Nta gihe gisigaye
Umuco
Couplet 1
Nta gihe gisigaye, Umwami Akagaruka, gutoranya abizeye, ngw’ abajane mw’Ijuru.
Refrain
Mbega wumv’ ufise Mpwemu, k’Ubwami Bwegereje? Mbega wumva witeguye, gusanganir’ Umwami?
Couplet 2
Benshi mur’iki gihe, barataye rya Jambo, Yesu Yadusigiye bakuriy’ ivyabo.
Refrain
Mbega wumv’ ufise Mpwemu, k’Ubwami Bwegereje? Mbega wumva witeguye, gusanganir’ Umwami?
Couplet 3
Benshi mur’iki gihe, bataye Mpwemu Yera, bizigir’ ivy’ ubupfu, vy’ubwenge bwabo gusa.
Refrain
Mbega wumv’ ufise Mpwemu, k’Ubwami Bwegereje? Mbega wumva witeguye, gusanganir’ Umwami?
Couplet 4
Twubatse ku Rutare rw’Intumwa n’Abavugishwa, Yesu ni We Ibuye rigumya imfuruka.