#8
Ncuti zanje mwakiriye ijambo
Umuco
Couplet 1
Ncuti zanje mwakiriy’Ijambo, muramenya ko antikristo; yaje kera yambay’uburyarya yambay’urusato rw’intama.
Couplet 2
Yaj’avuga ibinyoma gusa ahindur’Ijambo ry’Imana; niwe Yezebeli n’abana biwe, bamaze gusambana n’isi.
Couplet 3
Yezebeli n’abana biwe, niyo madini tubon’ubu; yamaze gusambana n’iy’isi, arindiriye kurimbuka.
Couplet 4
Niw’avuga yuko har’imana, zitatu ziri mw’Imana Imwe; Oyaye ncuti ntiwemer’ivyo ivyo n’ivya wa murwanizi.
Couplet 5
Ijambo ry’Imana rivuga ko har’Iman’imwe Ihoraho; yihishuye mu buryo butatu ntihinduka ni ya Yind’Imwe.