#149
Nowa ku ki wubaka ubwo bwato?
Izindi
Couplet 1
Nowa ku ki wubak’ ubwo bwato? Urakor’ ivy’ ubupfapfa gose. Dor’utuy’ imusozi, kandi nta maz’ahari. Iby’ukora biratuyobeye.
Couplet 2
Uhoraho ni we yabivuze, yukw’ abagizi ba nabi bose. Abujuj’is’ ivyaha bazomarwa n’amazi, ayo maz’ azob’ar’ umwuzure.
Couplet 3
Bagir’inama yo kubazanya, bati Nowa yab’avug’ ukuri? Bati: Haba na gato, ntidukwiye kwemera, dukomeze mu vyo kwinezeza.
Couplet 4
Igihe na co gihita vuba, Nowa yubaka n’ umwete rwose. Uko bamureba ga ni ko bamuseka ga bati: Noneho Nowa yasaze.
Couplet 5
Nowa yumvir’ Iman’ Ihoraho, yinjira muri ya bwa bwato vuba. Yinjirana n’abandi bagiriw’ imbabazi, Maz’Iman’ Ibakingir’urugi.
Couplet 6
Nukw’abantu baraseka cane, bakomanga ku rugi bavuga bati: Nowa sohoka, imvur’irahita, yutubesha ng’uri mu rugendo.
Couplet 7
Ijuru risa n’iritobotse, ubwo hagw’ imvur’ itey’ ubwoba. Bati: Tura rimbutse nk’uko Nowa yavuga, dor’urupfu ruratuzengutse.
Couplet 8
Umv’ukw’ Imana Yabashubije: Nowa yajag’ abigisha rwose. Mubigir’ ibikino mwanka kwumvir’ Intumwa, ni ryo teka muciriwe none.
Couplet 9
Nukw’amaz’ aterura bwa bwato bureremba kuri wa mwuzure. Abicaye mu bwato bafisemw’ amahoro, kugez’ubwo bazosohokamwo.
Couplet 10
None natwe dufis’ ubwo bwato: N’Agakiza twahawe na Yesu. Nib’ ushak’ Amahoro ngwino wihitiremwo, Agakiza woyekurimbuka.