#103
Umugeni azoba muri siyoni
Izindi
Couplet 1
Umugeni azoba muri Siyoni, afis’ Ubwiza bwinshi bukomeye; Kandi ntashobora gushusha n’abandi, kukw’ atunganywa n’Ubwiza bw’Uhoraho.
Refrain
Tuzokandagira muri Siyoni nsha, ah’ata munyavyaha azoshikayo. Twambay’ibitsibo vyiza vy’izahabu; Turirimbir’ Umwami tut’Uwera n’Ashimwe.
Couplet 2
Naho bigoye guca muri iyo nzira, Eka ntitwihebure tuzoyicamwo; Itambagijwemw’ Abakerub’ isinzi, bo kugwanir’Umugeni wa Yesu Kristo.
Refrain
Tuzokandagira muri Siyoni nsha, ah’ata munyavyaha azoshikayo. Twambay’ibitsibo vyiza vy’izahabu; Turirimbir’ Umwami tut’Uwera n’Ashimwe.
Couplet 3
Ubu turi mu gihe co kwitegura, tuv’aho twari turi dutambuke; Maze tugez’ imbere turahasanga, Umwambar’ udukwiye wera derere.