#91
Abwira abigishwa biwe ati
Impimbano
Couplet 1
Abwir’Abigishwa biwe ati: Ntimukiganyir’ amagara kuvyo muzorya, {cank’ imibiri kuvyo muzokwambara.} x2
Refrain
Nimwitegereze ibikona vyose, ingene bitabiba ntibishwabure, ntibigir’ububiko cank’ikigega, {kand’Imana Irabitunga.} x2
Couplet 2
Erega mwebwe muruta ibisiga, ninde muri mwebwe yoshobozwa, n’amaganya gusumvy’uko yareha, {nk’ukuboko kumwe gusa.} x2
Refrain
Nuko nimutashobora gukora igito gose? Ni iki gituma mwiganyira ibindi vyose? Nimwitegereze amashurwe uko akura, {Ntiyirirw’ aratama ntajish’impuzu.} x2 Ariko ndababwira ko na Salomo, mu bwiza bwiwe bwose yahawe, {ntiyar’ashajije nka rimwe muri yo.} x2
Couplet 3
Non’Imana ko yambik’ ivyatsi ku misozi, birih’uyu mus’ejo bigaturirwa, mbega ntizorushiriza kubambika, {mwebwe abo ukwizera guke?} x2
Refrain
Kandi ntimukitwararike kurya no kunywa, ntimukiganyire kuko ivyo vyose, abanyamahanga bavyitwararika, {ariko So arazi kw’ivyo mubikena.} x2 Ariko mwitwararik’ Ubwami bwiwe, {nih’ivyo vyose muzovyongerwa.} x2
Couplet 4
Yemwe mwa busho buto ntimutinye, kuko So bimuhimbara kubah’ Ubwami. Mugure ivyo mufise mutange ibiguzi, {vyose kubw’ubuntu bwa Yesu Kristo.} x2
Refrain
Mwibaririr’ imifuko idashira, Ubutunzi budashira buri mw’Ijuru, ahatagerwa n’ibisuma n’inyenzi, {kukw’ah’ Ubutunzi bwanyu buri, arih’imitima yanyu izoba} x2