Indirimbo Zikundwa Open in the app

#82

Ewe Mana yanje tega ugutwi

Impimbano· Sr Christella

Couplet 1

Ewe Mana yanje teg’ugutwi, ugusenga kwanje. Ntiwihishe ukwinginga, kwanje Mwami.

Refrain

Zirikana unyumve, Unyishure. Nembembeshwa n’amajojwa yanje, kubw’ ijwi ry’Umwansi, kubw’ agahahazo k’abanyakibi.

Couplet 2

Kuko bandundakw’ amagogwa, bampigan’ inzigo. Umutima wanj’ ubabarizwa, can’imbere.

Refrain

Zirikana unyumve, Unyishure. Nembembeshwa n’amajojwa yanje, kubw’ ijwi ry’Umwansi, kubw’ agahahazo k’abanyakibi.

Couplet 3

Nzokwama nkwambaza Mwami wanje, nizeye k’Uzonkiza. Ku murango no mu gicugu, nzogutakambira.

Refrain

Zirikana unyumve, Unyishure. Nembembeshwa n’amajojwa yanje, kubw’ ijwi ry’Umwansi, kubw’ agahahazo k’abanyakibi.

Couplet 4

Wacunguy’ ubugingo bwanje, ngo bube mu mahoro. Kugira ngo ntibanyegere, Unkiz’urupfu.

Refrain

Zirikana unyumve, Unyishure. Nembembeshwa n’amajojwa yanje, kubw’ ijwi ry’Umwansi, kubw’ agahahazo k’abanyakibi.

Couplet 5

Imana izonyumva Ibacishe, bugufi bose. Kukw’ Imana ari yo gihome, kinkigira.