#348
Har’umwanya woha Yesu Yakwikorerey’ ivyaha?
Ikirundi
Couplet 1
Har’umwanya woha Yesu Yakwikorerey’ ivyaha? Nguy’Arikw’ Araramutsa, Mbega ntiwomwinjiza?
Refrain
Shitsa Yesu mu mutima, itab’Ijambo ryiwe: Mwugururire n’ingoga bikigushobokera.
Couplet 2
Mu mutim’ ufis’umwanya w’ibiguhimbara bindi, ariko Yesu Yabambge nta mwany’umufitiye!
Refrain
Shitsa Yesu mu mutima, itab’Ijambo ryiwe: Mwugururire n’ingoga bikigushobokera.
Couplet 3
Har’umwanya w’ivya Yesu wobonana gucurumba? Ubu n’igihe gikwiye, umwitab’umwinjize.
Refrain
Shitsa Yesu mu mutima, itab’Ijambo ryiwe: Mwugururire n’ingoga bikigushobokera.
Couplet 4
Uhe Yes’umwanya none, igihe ntikikurenge: Utarahav’ uteterwa, ngw ahebe kukwinginga.
Refrain
Shitsa Yesu mu mutima, itab’Ijambo ryiwe: Mwugururire n’ingoga bikigushobokera.