Indirimbo Zikundwa Open in the app

#347

None Yes’uramugir’ute? Hitamwo bigishoboka

Ikirundi

Couplet 1

Igihe baregera Yesu, Mw ikomb’ imbere ya Pilato Yabajij’ abantu bos’ ati Yesu ndamugire nte?

Refrain

None Yes’uramugir’ute? Hitamwo bigishoboka: Hazoz’ umus’ uzibaz’uti: Jeh’ Arangirir’ate?

Couplet 2

Ivyo na non’ubihitemwo, ubigomvye womwahakana canke womwakiran’ ineza, non’ Uramugir’ute?

Refrain

None Yes’uramugir’ute? Hitamwo bigishoboka: Hazoz’ umus’ uzibaz’uti: Jeh’ Arangirir’ate?

Couplet 3

Nta kujan’ inzira zibiri nk’uko Pilato yagejeje: Hanyuma vyaramunaniye: Non’ Uramugir’ute?

Refrain

None Yes’uramugir’ute? Hitamwo bigishoboka: Hazoz’ umus’ uzibaz’uti: Jeh’ Arangirir’ate?

Couplet 4

Petero yahisemwo nabi k uko yihakanye Shebuja; Ariko weho mwemangire: Yes’Uramugir’ute?

Refrain

None Yes’uramugir’ute? Hitamwo bigishoboka: Hazoz’ umus’ uzibaz’uti: Jeh’ Arangirir’ate?

Couplet 5

Yesu ndaguhay’ umutima, ndemeye kukugendanira; Nzokwama ngukunda nkwumvira: Yesu nzokugenza ntyo.