Indirimbo Zikundwa Open in the app

#315

Imana Yakoze neza ibidutangaza

Ikirundi

Couplet 1

Imana yakoze neza ibidutangaza, Abantu bo mur’ iyisi batamenya na mba.

Couplet 2

Ni mushim’ iyateguye Inzira ducamwo, tukabatubonany’ ubu Tutishwe n’ ivyaha.

Couplet 3

Twari twaratandukanye, ariko noneho dusubiye kubonana Dufis’ akaneza.

Couplet 4

Yemwe bagenzi dukunda nta co tubagaya, mu vyo twafatanijemwo turabashimiye.

Couplet 5

Nuko bagenzi,Ku Mana, mw’isi ni ko biba, abakunda Siyoni nsha ni ho tuzobana.

Couplet 6

Umugisha w’ Uhoraho Uhorane namwe, Abah’ akanyamuneza mu Rugendo rwanyu.