Indirimbo Zikundwa Open in the app

#300

Bana, ntimugire icaha mukora

Ikirundi

Couplet 1

Bana, ntimugire icaha mukora, ntimutonganishwe n’ivyo kuraka.

Couplet 2

Bana, kuko muri aba Yesu Kristo, non’ingeso Ziwe zibe n’ izanyu.

Couplet 3

We Yahor’Avuga ivy’Ukuri gusa, ivy’isoni nta vyo Yesu Yakoze.

Couplet 4

Ntihigeze n’umwe Yagiriye nabi, kuko yamye yanka ivyaha vyose.

Couplet 5

Har’ufis’ubgenge bgo kubosha nabi, n’Umwansi Satani ahora hafi.

Couplet 6

Abasezeranye guheba Satani, no kurek’ivyaha, ntimumwumvire.

Couplet 7

Yes’Azobafasha kumurwanya cane, kuko na We nyene Yamunesheje.