#236
Yes’Umwami wacu hamwe yavuka
Ikirundi
Couplet 1
Yes’Umwami wacu hamwe yavuka Nta ndaro yaronse, atari mu nka. Ariko nah’ ab’ i Betelehemu Bamwimy’ aho kuba, ntituhamwime.
Couplet 2
Ba bungere bateramiy’ ubusho Bumvis’ amagambo ya marayika, Ntibateba kuramuts’ Umukiza: Natwe ni twihute, tumuhimbaze.
Couplet 3
Na ba banyabgeng’ aho baboneye Ya nyenyeri nini y’Umwami w’ isi. Bo bagiz’ ubgira bgo kuj’ iy’ ari, Ngo bamushikanir’ ivy’ igiciro.
Couplet 4
Ko nd’ umwana gusa, mbega mmuh’ iki? Ba bungere bari bafis’ intama, N’ abanyabgenge bashikany’ ivyabo: None nomuh’ iki? Mmuh’ umutima.