#235
Ni muze Bakristo, munezerwe cane
Ikirundi
Couplet 1
Ni muze Bakristo, munezerwe cane, Ni muze ni muz’in’i Betelehemu, Murabe Yes’ Umukiz’ ahavukiye:
Refrain
Ni muze tumusenge, ni muze tumusenge, Ni muze tumusenge, Ni Kristo Yesu.
Couplet 2
Ni we Mana yacu, ivuye ku Mana, Ntiyanse kuvyarwa n’ umukobga yera, N’ Imana y’ukuri, yavyaw’ ataremwe:
Refrain
Ni muze tumusenge, ni muze tumusenge, Ni muze tumusenge, Ni Kristo Yesu.
Couplet 3
Muririmbe cane mwa bamarayika, Mut’ Icubahiro kib’ ic’ Uhoraho, Kand’ amahor’ abe mu b’ inezererwa:
Refrain
Ni muze tumusenge, ni muze tumusenge, Ni muze tumusenge, Ni Kristo Yesu.
Couplet 4
Tuje dushengeye Mukiza wavutse, Mwam’ icubahiro cose kib’ icawe, Jambo wa Data wishushanije natwe:
Refrain
Ni muze tumusenge, ni muze tumusenge, Ni muze tumusenge, Ni Kristo Yesu.