#225
Hamwe Yesu Yavuka
Ikirundi
Couplet 1
Hamwe Yesu Yavuka, Mariya yabuze Aho kurara nez’ avyarir’ Umukiza Bitum’ amuryamika mu bgato bguhira Mu kiraro c’inka, naho yar’ Uhoraho.
Couplet 2
Bana, s’igitangaza k’ Umukiza wacu Yemeye rwose kuryama mu bgato bg’ inka? Yesu tuguhimbaze, tugukundir’ ivyo, Ko wahinduw’ umworo no gukund’ abantu.
Couplet 3
Ndakwinginze Yes’ umpe kuguhora hafi, No kugukunda can’ imisi yanje yose, Uhezagire kandi na bagenzi banje, Kugira ngw’abaguhimbaza babe benshi.