Indirimbo Zikundwa Open in the app

#224

Wasiz’ Icubahiro c’i Wawe hamwe Waza mw’isi Yesu

Ikirundi

Couplet 1

Wasiz’ Icubahiro c’i Wawe hamwe Waza mw’isi Yesu, maz’abo mw’isi bakwim’ah’ uba mu Kuvuka kwawe kwera.

Refrain

Ngwino mu mutima wanje, ndaguhay’ ah’uba Mwami: Ngwino mu mutima wanje, ndaguhay’ ah’uba Mwami.

Couplet 2

Abamarayika baririmvye Mwami Yesu, ko wimitswe, ariko Mwami Uganza vyose, Waricishije bugufi.

Refrain

Ngwino mu mutima wanje, ndaguhay’ ah’uba Mwami: Ngwino mu mutima wanje, ndaguhay’ ah’uba Mwami.

Couplet 3

Ibiguruka bifis’ ivyari, n’imbgebge ziri n’imyobo, Weho Mwana w’ umuntu, wabuze ah’urambik’ umusaya.

Refrain

Ngwino mu mutima wanje, ndaguhay’ ah’uba Mwami: Ngwino mu mutima wanje, ndaguhay’ ah’uba Mwami.

Couplet 4

Wazanye mw’is’ Ijambo rizima ryo gukiz’ abana bawe, maze baragukengera cane, bakubamba ku giti.

Refrain

Ngwino mu mutima wanje, nizey’uwo Musaraba: Ngwino mu mutima wanje, nizey’uwo Musaraba.

Couplet 5

Abo mw’Ijuru bazoririmba Ah’Uzozira Kunesha: Nzumv’ ijwi ryawe rimbwira, riti Ndaguhay’ ah’uba nawe!

Refrain

Nzonezerwa mu mutima ni waz’ Ukampamagara: Nzonezerwa mu mutima ni waz’ Ukampamagara.