#190
Tujanye na Yesu, tumwumviye cane
Ikirundi
Couplet 1
Tujanye na Yesu, tumwumviye cane, twogendera mu Muco wiwe, Akatuyobora, Akabana natwe n’abamwizer’ uko bangana.
Refrain
Mwizigire, umwumvire cane, ni ho womuronkamwo Akaneza kenshi.
Couplet 2
Ntihakingirizwa, nta gicu gikuba, Yes’ Amwenyuye kireyuka, nta bgoba buriho, cank’ umubabaro, bimarwa n’uko tumwizeye.
Refrain
Mwizigire, umwumvire cane, ni ho womuronkamwo Akaneza kenshi.
Couplet 3
Amarushwa yose ntiyotubabaza, ni W’aduhembur’ imbu zose; Ivyo twita bibi bitubera vyiza, tumwizigiye, tumwumviye.
Refrain
Mwizigire, umwumvire cane, ni ho womuronkamwo Akaneza kenshi.
Couplet 4
Ntitwokwiyungura kugir’ Akaneza tudakijijw’ ivy’isi vyose, kuk’ Ubuntu bgiwe n’imbabazi ziwe ar’impera y’abamwizeye.
Refrain
Mwizigire, umwumvire cane, ni ho womuronkamwo Akaneza kenshi.
Couplet 5
Tumugiye hafi tukamugendako, twoba tugirirany’ ubumwe, maze yodutuma tugaca tugenda, tukamwumvira tumwizeye.
Refrain
Mwizigire, umwumvire cane, ni ho womuronkamwo Akaneza kenshi.