#189
Nzokwama nkwizigira, nzi k’Utazompemukira
Ikirundi
Couplet 1
Nzokwama nkwizigira, nzi k’Utazompemukira: Ni naramuka ngowe nzizigira Yesu gusa.
Refrain
Nzizigira nkiriho, kugez’ah’ Azoncisha mu Kirimba c’Ijuru nzizigira Yesu gusa.
Couplet 2
Mmurikirwa n’Umuco wa Mpwemu w’Imana Yera; Iy’Anjana sintemba: Nizigiye Yesu gusa.
Refrain
Nzizigira nkiriho, kugez’ah’ Azoncisha mu Kirimba c’Ijuru nzizigira Yesu gusa.
Couplet 3
Iyo mmerewe neza mu bugingo, ndaririmba, iyo ngowe, ndasenga nizigiye Yesu gusa.
Refrain
Nzizigira nkiriho, kugez’ah’ Azoncisha mu Kirimba c’Ijuru nzizigira Yesu gusa.
Couplet 4
Uko bukeye nzama nizigir’ Umwami wanje; Mu bizombako vyose, nzizigira Yesu gusa.