Indirimbo Zikundwa Open in the app

#180

Inzira zawe zose n’ibikubabaza

Ikirundi

Couplet 1

Inzira zawe zose n’ibikubabaza, Bibgir’ Imana vuba kw iganz’ ivyo mw isi; Kand’ ijuru n’iryayo, Nta hant’ itaganza, Ntibizoyinanira Kugukiza nawe.

Couplet 2

Kandi ntukiganyire, Ngo Mbega nzory’ iki? Ni murab’utunyoni Twama tuguruka; Ubgatwo ntitubiba, Kandi ntitwimbura, Iman’ iradutunga; Wew’ uraturuta.

Couplet 3

Kandi ntukiganyire, Uti Nzambar’ iki? Rab’ ingen’ amashurwe Aba ku misozi, Nta n’igikorw’ akora Kand’ arashajije; Iman’ irayambika, Naw’ izokwambika.

Couplet 4

Ureke kwiganyira. Ntibikubereye! Abapagani bose Biganyira cane. Weho ni wih’ Imana, Uronder’ ivyayo, Ni ko vya bindi vyose Ubiherw’ ubuntu.