Indirimbo Zikundwa Open in the app

#163

Urukundo rwiwe rwinshi Rwamuzanye mur’ iyi si

Ikirundi

Couplet 1

Uhereye kera hose Yesu yamy’ ari mw ijuru Ar’ i buryo bg’ Uhoraho, Ni yo Man’ isumba vyose.

Couplet 2

Urukundo rwiwe rwinshi Rwamuzanye mur’ iyi si, Avuka nk’ abandi bantu, Ashir’ ubgan’ arakura.

Couplet 3

Akuze yigish’ abantu Ivy’ Imana vyiza vyose, Abarwaye bamwizeye Yabakiz’ ivyago vyabo.

Couplet 4

Kandi yakiz’ ibimuga Abibgiy’ ijambo gusa, Yakor’ abanyamibembe, Bamwizeye bagakira.

Couplet 5

Kandi n’abari bapfuye Yashobora kubazura, Nta ho Yesu vyamwankira Gukiz’ umunt’ amwizeye.

Couplet 6

Kand’ ikirut’ ivyo vyose Yakunda kubgir’ aboro Ivy’ urukundo rw’ Imana, N’agakiza kadashira.

Couplet 7

Maz’ abantu babi cane Batemey’ ivyo yavuze, Baterwa n’ishari ryinshi Kumufata no kumwica.

Couplet 8

Babamb’ Umukiza wacu Ku musaraba w’isoni, Bamutoboy’ ibiganza Yakirish’ abababaye.

Couplet 9

Nuko yaradupfiriye Ngw adukiz’ ivyaha vyacu, Aja mu gishingo cacu; N’umunyarukundo rwinshi.

Couplet 10

Kand’ uz’ ah’ ar’ amwizeye Ntiyobura kumwakira; Yarasezeranij’ ati Sinzirukan’ uj’ aho ndi.