Indirimbo Zikundwa Open in the app

#162

Ngwin’ umbgir’ ivya Yesu, ingene Yankunze

Ikirundi

Couplet 1

Ngwin’ umbgir’ ivya Yesu, Ingene yankunze, Uko yavuye mw ijuru Ngw agender’ abantu.

Refrain

Mbarir’ ivy’ ico gihe, Ivy’ akanyamuneza, Vug’ ivya Yesu wacu N’ urukundo rwiwe.

Couplet 2

Twogereranya n’ iki Ivyo yababajwe. Yaremeye no kubambga, Ngw adukiz’ ivyaha.

Refrain

Mbarir’ ivy’ ico gihe, Ivy’ akanyamuneza, Vug’ ivya Yesu wacu N’ urukundo rwiwe.

Couplet 3

Ubushobozi bgiwe Ni bgo bgamuzuye, Tureke gutiny’ urupfu, Natw’ azotuzura.

Refrain

Mbarir’ ivy’ ico gihe, Ivy’ akanyamuneza, Vug’ ivya Yesu wacu N’ urukundo rwiwe.

Couplet 4

Twibuk’ ijambo ryiwe, Ati Nzogaruka, Mbajan’ i wanj’ i muhira, Mbaruhurireyo.

Refrain

Mbarir’ ivy’ ico gihe, Ivy’ akanyamuneza, Vug’ ivya Yesu wacu N’ urukundo rwiwe.

Couplet 5

Tubgir’ aband’ ivyiwe, N’ urupfu yapfuye, Bumv’ ivyo yabakoreye, Bamukurikire.