Indirimbo Zikundwa Open in the app

#159

Nakijijwe n’Urukundo!

Ikirundi

Couplet 1

Nariko ndadobera mu ruzi ry’ Urupfu, ntwawe n’ibicumuro, nibizwa n’ ivyaha, hanyuma mbona Yesu ndamuborogera: Ac’ ancakira vuba, arankiza.

Refrain

Nakijijwe n’Urukundo! Nta wundi Mutabazi atari We! Nakijijwe n’Urukundo! Nta wundi Mutabazi Atari We!

Couplet 2

Wa munt’ uri mw irinde, rangamiza none, Yesu ni we Mukiza arakurokora Ni w’ aganz’ imikuba ntiz’ igutembane, Non’agomba kugukiza: emera!

Refrain

Nakijijwe n’Urukundo! Nta wundi Mutabazi atari We! Nakijijwe n’Urukundo! Nta wundi Mutabazi Atari We!

Couplet 3

Noneho ni nashika mu magorwa menshi, Nzi kw atazondengera, Yes’ azontabara; Azommaramw’ ubgoba azomp’ ivyo nkennye: Ni kw azokugirira ni wemera!

Refrain

Nakijijwe n’Urukundo! Nta wundi Mutabazi atari We! Nakijijwe n’Urukundo! Nta wundi Mutabazi Atari We!