Indirimbo Zikundwa Open in the app

#158

Umvir’Ijwi rya Yesu, ni We Mukiza wawe

Ikirundi

Couplet 1

Umvir’Ijwi rya Yesu, ni We Mukiza wawe; Umv’ Arakubaz’ ati munyavyah’ urankunda?

Refrain

Nyina yokwibagira uruhinja yavyaye? Nah’ivyo vyoshoboka, Jeho nama nkwibuka.

Couplet 2

Ni Je nakubohoye, nkuvur’ ibikomere. Ni Je naguhabuye, nkwakir’ uri mu mwiza.

Refrain

Nyina yokwibagira uruhinja yavyaye? Nah’ivyo vyoshoboka, Jeho nama nkwibuka.

Couplet 3

Kand’ urukundo rwanje n’akaburarugero, rurut’ urundi rwose, kuko rutarangira. ;

Refrain

Nyina yokwibagira uruhinja yavyaye? Nah’ivyo vyoshoboka, Jeho nama nkwibuka.

Couplet 4

Igihe ni cashika nzokujana mw’ Ijuru, tuzosangir’ Ubgami: Mbega non’ urankunda?

Refrain

Nyina yokwibagira uruhinja yavyaye? Nah’ivyo vyoshoboka, Jeho nama nkwibuka.

Couplet 5

Yesu birambabaje ko ngukund’ urukundo ruke ruri mu nyuma y’urwo Rukundo rwawe.

Refrain

Nyina yokwibagira uruhinja yavyaye? Nah’ivyo vyoshoboka, Jeho nama nkwibuka.

Couplet 6

Ariko ndagukunda, naho bidashimitse: Umpe kurushiriza kugukunda, Mukiza.