Indirimbo Zikundwa Open in the app

#134

Nkwiye Yesu, ndiko ndamusaba; Antabare

Ikirundi

Couplet 1

Nkwiye Yesu, ndiko ndamusaba; Antabare bimwe bimbabaje; Nkwiye Yesu, ankize rya shavu; Simbash’ ibiri ku mutima, Nkwiye Yesu.

Refrain

Nkwiye Yesu, Nkwiye Yesu, Mmukwiye mu mutima; Ngw antabare, ankize, Akur’ ivyaha vyanje, Ubu n’imisi yose Ndakwiye Yesu.

Couplet 2

Nkwiye Yesu, yabay’ umukunzi, Ndamusavye ngw anjane mu nzira; Nkwiye Yesu, ngw antsindir’ abansi; Jewe kubganje nta co mmaze, Nkwiye Yesu.

Refrain

Nkwiye Yesu, Nkwiye Yesu, Mmukwiye mu mutima; Ngw antabare, ankize, Akur’ ivyaha vyanje, Ubu n’imisi yose Ndakwiye Yesu.

Couplet 3

Nkwiye Yesu, kukw ari w’ankunda; Nta wundi ngaha yoba nka Kristo: Nkwiye Yesu, nta wundi yonyoza, Ni we rukundo, ni we nzira, Nkwiye Yesu.

Refrain

Nkwiye Yesu, Nkwiye Yesu, Mmukwiye mu mutima; Ngw antabare, ankize, Akur’ ivyaha vyanje, Ubu n’imisi yose Ndakwiye Yesu.