Indirimbo Zikundwa Open in the app

#129

Ndeger’Umusaraba nnaniwe nkennye mpumye

Ikirundi

Couplet 1

Ndeger’Umusaraba nnaniwe nkennye mpumye, nta kindi kindi nshaka, ngomba Gukizwa gusa.

Refrain

Mwami, ndakwizigiye, Mukiza wanje Mwiza, nunamy’ imbere yawe, Mwami Yes’unkiz’ubu.

Couplet 2

Namye nkwifuza Mwami, ndi mw’irinde ry’ivyaha, non’ Urandengukije ngo nz’Unkurekw’ ivyaha.

Refrain

Mwami, ndakwizigiye, Mukiza wanje Mwiza, nunamy’ imbere yawe, Mwami Yes’unkiz’ubu.

Couplet 3

Ubu ndakwihereje n’ivyanje mfise vyose, mb’ Uwawe rwose Mwami, sinkaganzwe n’iyi si.

Refrain

Mwami, ndakwizigiye, Mukiza wanje Mwiza, nunamy’ imbere yawe, Mwami Yes’unkiz’ubu.

Couplet 4

Ndizigir’ ivy’ uvuga, Wamviriy’ Amaraso, ndigaye ko natevye, nyakir’ ubu Mukiza.

Refrain

Mwami, ndakwizigiye, Mukiza wanje Mwiza, nunamy’ imbere yawe, Mwami Yes’unkiz’ubu.

Couplet 5

Yesu non’ Unshitsemwo, kaza kaza Mukiza, Wantunganije rwose, Shimwa, Shimwa Nyakuza.

Refrain

Mwami ndakwizigiye, Mukiza wanje Mwiza, nunamy’ imbere yawe, Yes’Urankijij’ubu.