Indirimbo Zikundwa Open in the app

#128

Nta co mfise nireguza atar’uko wampfiriye

Ikirundi

Couplet 1

Nta co mfise nireguza atar’uko wampfiriye, Kandi yuko wampamagaye: Mucunguzi, nditavye.

Couplet 2

Gukekeranya ni kwinshi, Mbabazwa cane Mukiza, N’intambara yo mu mutima; Mucunguzi, nditavye.

Couplet 3

Sintinyuka no kugeza Kwikurakw’ ibinyanduje, Nizigiy’ amaraso yawe; Mucunguzi, nditavye.

Couplet 4

Naho nd’ umworo nd’impumyi, Ni wew’ump’ itunga ryawe Ukampumur’ ukampimbara; Mucunguzi, nditavye.

Couplet 5

Uranyakira nanduye, Uranyoz’ uramparira; Kuko nizey’ isezerano Ryawe Yesu, nditavye.

Couplet 6

Urukundo rwawe rwinshi Runkuyekw ivyantebeje, Ndakunze kub’ uwawe rwose; Mucunguzi, nditavye.

Couplet 7

Urwo rukundo mmeny’ ubu Rwanyujuje n’Uhoraho, Nshikir’ ungab’ unyiganzire; Mukiza, ndishikanye.