#115
Ndons’ Incuti nziza cane, Yarankunze ntayizi
Ikirundi
Couplet 1
Ndons’ Incuti nziza cane, Yarankunze ntayizi, Yamfatishij’ umugozi ni wo Rukundo rwayo: Nkund’ izo ngoyi zangize imbohe y’Umukiza; nd’uwiwe, na We n’Uwanje, gushits’ ibihe vyose.
Couplet 2
Ndons’ Incuti nziza cane, Yamviriy’ Amaraso, Yanyiguz’ amp’ Ubugingo, na We Yaranyihaye. None singishing’ icuma; Ku bintu vyanje vyose, ivyanje na jew’ ubganje, n’ivy’ Umukiza wanje.
Couplet 3
Ndons’ Incuti nziza cane, Nyen’ Ububasha bgose; Niw’ Anzigama mu nzira ndiko ndaja mw’ Ijuru. Nkiri mur’ ubu Bugingo nzokwama ngavye cane, nshiz’ ubgoba mu Ntambara, ngo nze nduhukireyo.
Couplet 4
Ndons’ Incuti nziza cane n’Umujanama wanje, Andongor’ aho nja hose, Andind’ Umwansi wanje. Nta rupfu cank’ ubugingo, cank’ abamarayika, nta biriho nta bizoza vyontandukanya na We.