#114
Yesu n’Umukiza wanje n’Umwami
Ikirundi
Couplet 1
Yesu n’Umukiza wanje n’Umwami, nzokwama mmuhimbarish’ Indirimbo, iyo ncits’ intege musab’ izindi ndakund’ Umukiza wanje.
Refrain
Ndakund’ Umukiza wanje, n’akaburarugero pe: ndi kumwe na Yesu mba ndi mw’ Ijuru, ndakund’ Umukiza wanje.
Couplet 2
Yamy’ aramutsa ku mutima wanje, ati ni muduhe, sinitabire; None namwinjije no haruguru, ndakund’ Umukiza wanje.
Refrain
Ndakund’ Umukiza wanje, n’akaburarugero pe: ndi kumwe na Yesu mba ndi mw’ Ijuru, ndakund’ Umukiza wanje.
Couplet 3
None mpagaze ku Musozi wera, nta gicu kimunkingiriza namba. Sinzongera kumwugarana hanze: Ndakund’ Umukiza wanje.
Refrain
Ndakund’ Umukiza wanje, n’akaburarugero pe: ndi kumwe na Yesu mba ndi mw’ Ijuru, ndakund’ Umukiza wanje.
Couplet 4
Mfis’aho Yanteguriye mw’ Ijuru, Ukwizera ni kwo kuzonshitsayo nzonezerwa mbonye mu Nyonga hiwe: Ndakund’ Umukiza wanje.