Indirimbo Zikundwa Open in the app

#101

Nkunda kwama natura yuko nacunguwe n’Amaraso

Ikirundi

Couplet 1

Nkunda kwama natura yuko nacunguwe n’Amaraso ya Yes’Umwagazi w’intama, ngahinduk’ Umwana wiwe.

Refrain

Yes’Umwami Yancunguje ya Maraso, Yamberey’ Incungu, nahinduts’ Umwana wiwe.

Couplet 2

Mpimbawe no kuba mu Mana, simfis’ uko nobivuga, ko mba muri yo ndi mu muco, sinzowutirimukamwo.

Refrain

Yes’Umwami Yancunguje ya Maraso, Yamberey’ Incungu, nahinduts’ Umwana wiwe.

Couplet 3

Ndiyumvir’ ivy’ Umucunguzi wanje bukarinda bgira, ndaririmba kuko ntohora, ndirimb’ Urukundo rwiwe.

Refrain

Yes’Umwami Yancunguje ya Maraso, Yamberey’ Incungu, nahinduts’ Umwana wiwe.

Couplet 4

Nzobon’ uwo Mwami mw’ Ijuru, ko nkunze kumuyoboka, ndirimba bukarinda buca ko Yancunguj’ Amaraso.

Refrain

Yes’Umwami Yancunguje ya Maraso, Yamberey’ Incungu, nahinduts’ Umwana wiwe.