#100
Nzoririmb’ igitangaza Yes’Umwami Yakoze
Ikirundi
Couplet 1
Nzoririmb’ igitangaza Yes’Umwami Yakoze, ko Yavuy’i We mw’ Ijuru Ngw’ Ampfir’i Gologota.
Refrain
Nzoririmb’ Igitangaza Yes’Umwami Yakoze, ndi kumwe n’ abo mw ijuru, imbere ya ya Ntebe.
Couplet 2
Nari nzimiye nk’ intama, maze Yes’ Arambona, ac’Anshira ku bitugu, Ansubiza mu Nzira.
Refrain
Nzoririmb’ Igitangaza Yes’Umwami Yakoze, ndi kumwe n’ abo mw ijuru, imbere ya ya Ntebe.
Couplet 3
Nar’ impumyi, mfis’ ubgoba, nari ndendebukiwe, njanjaguritse, mbabaye, maze Yes’Arankiza.
Refrain
Nzoririmb’ Igitangaza Yes’Umwami Yakoze, ndi kumwe n’ abo mw ijuru, imbere ya ya Ntebe.
Couplet 4
Ndacabon’ ibimbabaza, haracar’ ibingora, yamara ko turi kumwe ndazi kw’ataco nzoba.
Refrain
Nzoririmb’ Igitangaza Yes’Umwami Yakoze, ndi kumwe n’ abo mw ijuru, imbere ya ya Ntebe.
Couplet 5
Azongeza no ku rupfu, Anyogane mu ruzi, maze njabutse hakurya nzosangay’ abo nkunda.