#96
Imana yacu Yatunze vyose
Ikirundi
Couplet 1
Imana yacu Yatunze vyose, Itunga ryo kw isi n’iryayo ryose, Nta kintu co ngaha kitar’ icayo, Nta wobuharur’ ubutunzi bg’Imana.
Refrain
Nd’ umwana w’Umwami, Nd’ umwana wiwe, Twebge twe na Kristo Tur’ abana biwe.
Couplet 2
Umwana w’Iman’ Umutabazi Yaje ngaha kw’isi nk’umworo rwose, Ariko yarasubiye mw ijuru. Nanj’ azohav’ anjana kump’ inzu nziza.
Refrain
Nd’ umwana w’Umwami, Nd’ umwana wiwe, Twebge twe na Kristo Tur’ abana biwe.
Couplet 3
Kera na kera nar’ icangazi, Nar’ umunyavyaha, nar’ umwononyi, Ubu ho naravuts’ ubga kabiri, Nd’ umwana w’Imana, Umwami w’abami.
Refrain
Nd’ umwana w’Umwami, Nd’ umwana wiwe, Twebge twe na Kristo Tur’ abana biwe.
Couplet 4
Jeho naho noba mu karuri Sinobabara, ndi n’inzu mw ijuru, Nah’ ab’ isi bonca bakanyomora, Nzonezerwa kuko nd’ umwana w’Umwami.
Refrain
Nd’ umwana w’Umwami, Nd’ umwana wiwe, Twebge twe na Kristo Tur’ abana biwe.