Indirimbo Zikundwa Open in the app

#95

Ivyaha vyanje vyose Yarabishizweko, nah’ Atigez’ Akora icaha na kimwe

Ikirundi

Couplet 1

Ivyaha vyanje vyose Yarabishizweko, nah’ Atigez’ Akora icaha na kimwe. Ndamwegera, ndasenga, jew’ umunyavyaha, nizigiy’ic’ ambgiye, at’urahariwe.

Couplet 2

Kand’ ibingora vyose ndabimuremeka, nta wundi yoncunguye, atar’ Umukiza; ndamwegera nj’ ah’ ari, naniwe, mbabaye, ngaruka mfis’ intege, Abineshereje.

Couplet 3

Ni we Mahoro yacu iy’av’ akagera, yo mur’ ubu bugingo, bo no mu buzoza. Imanuweli Kristo! n’Izina riryoshe, ritamirana hose rirush’ imibavu.

Couplet 4

Muri Yesu Wenyene nih’ Amahor’ ari, no muri Mpwemu Yera, no mu Mwam’Imana; Nta handi tuyaronka, nta hand’ aboneka: Ndanezerewe cane kubana na Yesu.