Indirimbo Zikundwa Open in the app

#91

Gitandara c’Imana, reka nguhungireko

Ikirundi

Couplet 1

Gitandara c’Imana, reka nguhungireko, kubg’ Imbabazi zawe kera warammenewe; non’ubu nkwihishemwo ukuraka kw’ Imana.

Couplet 2

Amazi n’Amaraso vyo mu rubavu rwawe binkiz’ uburyo bgompi urubanza rw’ ivyaha n’ubushobozi bgavyo, vyoye kuntsind’ ukundi.

Couplet 3

Ivyo twokora vyose, n’umwete wacu wose, n’umubabaro mwinshi, n’amosoz’ adashira, vyose ntivyoshobora kudukurakw’ ivyaha.

Couplet 4

Ivyanje ntibigira ico bimaze Yesu, simfis’ico noguha, ndaba ku Musaraba wawe Wampfiriyeko, niwo nizeye gusa.

Couplet 5

Raba ndagenda gusa, ndakwinginz’ Unyambike; Sinshobora kwikiza, ndakugombak’ Ubuntu; Unyuhagir’ imvyiro Mukiza, noye gupfa.

Couplet 6

Nuko nkiriho mw’isi, Mwami, nguhungireko; No ku musi w’imanza, nshitse mu Nyonga zawe, Gitandara c’ Imana uz’ undeke nkwisunge.