Indirimbo Zikundwa Open in the app

#76

Mbeg’ uraz’ ibir’ imbere yawe, ah’ uzohurira n’urupfu?

Ikirundi

Couplet 1

Mbeg’ uraz’ ibir’ imbere yawe, ah’ uzohurira n’urupfu? Mbega wa mus’ uzorora hehe, umus’ uzocikana?

Refrain

Ego ndazi ko har’ Ubugingo, har’aho nateguriwe, n’Amaraso ya Yes’Umukiza Yamvirive ku giti.

Couplet 2

Mbega wahise mu yihe nzira? Mbeg’ uz’ah’ izogushikana? Kukw Inzir’ itujana mw’Ijuru ica ku Musaraba.

Refrain

Ego nahisemw’ Inzira nziza, har’aho nateguriwe, n’Amaraso ya Yes’Umukiza Yamvirive ku giti.

Couplet 3

Mbega wabony’ Umukiza wawe uraharirw’ ivyaha mbega? Mbega Yesu Yaribgagukize urik’uja mw’Ijuru?

Refrain

Ego nabony’Umukiza wanje, har’aho nateguriwe, n’Amaraso ya Yes’Umukiza Yamvirive ku giti.

Couplet 4

Erega ni wahwer’ uyu musi ntuzob’ ugihitamwo na mba: Iman’ Igomba yuk’ uyizera, n’uk’ urekur’ ivyaha.

Refrain

Ego narekuy’ ivyaha vyanje, har’aho nateguriwe, n’Amaraso ya Yes’Umukiza Yamvirive ku giti.

Couplet 5

Mbega Yesu Yakwandits’ izina mu Gitabo c’Abakijijwe? Uzi yuko wa mus’ amagorwa n’urupfu bizohera?

Refrain

Ego ndazi yuko yanyanditse, har’aho nateguriwe, n’Amaraso ya Yes’Umukiza Yamvirive ku giti.

Couplet 6

Yesu ni we Yankijij’ Urupfu, Yampfiriye ku Musaraba, Nzokwama mwumvira mwizigira, Kuko nogejw’ ivyaha.

Refrain

Ego nahisemw’ Inzira nziza, har’aho nateguriwe, n’Amaraso ya Yes’Umukiza Yamvirive ku giti.