#75
Yesu n’Umukunzi wacu, Niw’ Atwikorerera
Ikirundi
Couplet 1
Yesu n’Umukunzi wacu, Niw’ Atwikorerera imibabaro n’ivyaha, Akatubabarira. Umunt’ adasenga wese Ntiyoronk’ Amahoro, tweho tuje kuri Yesu, tumubarire vyose.
Couplet 2
Umunt’adasenga wese yaman’ ivyaha vyiwe, ngwino, ngwino kuri Yesu Akuruhure vuba. Yes’ Aradukunda twese, Yes’ Afis’ Imbabazi, Yapfiriy’ abantu bose, mumusenge n’Umwami.
Couplet 3
Ivyaha n’ubgoba bgose n’imitim’ ibabaye tubijane kuri Yesu, Araduh’ Amahoro. Ntitugir’ umutabazi adukunda nka Yesu, ariko Yesu Wenyene n’Umukunzi w’abantu.