Indirimbo Zikundwa Open in the app

#42

Mwami wanje, ngomba kuba uwakijijwe nawe

Ikirundi

Couplet 1

Mwami wanje, ngomba kuba uwakijijwe nawe; Nakishwe nawe Mukiza, Kuk’ ur’ umuco wanje. Mu kubaho kwanje numve Urukundo rw’ ukuri, No mu mwiza wo mw ijoro Ngushirek’ umutima.

Couplet 2

Mwami wanje ngomba kuba Umuco wama waka Mu nzira y’umuzimiza, Ndongor’ abaz’ i wawe. Name mmurikir’ abantu Bakiri kure cane. Ndekeshwe gukekeranya N’ukwizigira kwiza.

Couplet 3

Mwami wanje, ngomba kuba umwigisha w’ivyawe, Mvuge hose Databuja, Yuko watubambiwc; Abari mu rupfu rubi Mbabgir’ ikibakiza, Nze ndemesh’ abababaye, Nereke bos’ Umwami.