#41
Nasezeranije guhora ngukurikira Yesu
Ikirundi
Couplet 1
Nasezeranije guhora ngukurikira Yesu, imisi yos’ Umpore hafi Mukiza wanje Mwiza. Sinzokwigera ntiny’ Intambara, Wew’ Umpagaze hafi, ./.Sinoshobora kuzimira ni wahor’ Unyobora./.
Couplet 2
Ndagomba kukwumv’ Umba hafi, kukw’ ivy’ isi binsuka, amajwi yavyo numv’ ageza kungwisha ngo nkuveko. Ababisha babi bankikije bar’ inyuma n’imbere, ./.Ariko Yesu batangire, Undind’ ibicumuro./.
Couplet 3
Ijwi ryawe ryiza Mukiza, rindutir’ ayo yose, Unyongorere mu mutima, sinkumvir’ ibinsuka. Wam’ Umvugira hafi ngo ndeme, Umbarir’ ivy’ Ugomba, ./.Uvuge nanje nzokwumvira Mukiza nizigira./.
Couplet 4
Mukiza, Wasezeranije abagukurikira yuko bose bazoj’Iwawe, bagahorana nawe. Kandi nanje nasezeranije guhora ngukorera; ./.Mfashish’ Ubushobozi bgawe Databuja, Mukunzi./.
Couplet 5
Kand’ umpe kuger’ ikirenge muc’ iwawe Ndongozi, nta bundi Bushobozi Yesu, nizey’ atar’ Ubgawe. Hor’ Undongor’ Unjana Mukiza. Ugez’ aho nzopfira, ./.Maz’ uz’ Unyakire mw’ Ijuru Mukunzi Wankijije./.