Indirimbo Zikundwa Open in the app

#27

Mutabazi wacu Yesu

Ikirundi

Couplet 1

Mutabazi wacu Yesu, Twese tuguhimbaze, Ni wewe wadupfiriye, Yesu Mwana w’ Intama.

Refrain

Tumushime, tumushime, Icubahiro kibe ic’ Umwana w’intama dushim’ Izina Ryiwe.

Couplet 2

Twar’ imbohe za Satani, Twari mu mubabaro, Yatuboheshej’ ingoyi, Yes’ Aratubohora.

Refrain

Tumushime, tumushime, Icubahiro kibe ic’ Umwana w’intama dushim’ Izina Ryiwe.

Couplet 3

Tuguh’ imibiri yacu N’ imitima n’ ubgenge: Kand’ ivyo dufise vyose bib’ ivyawe Mukiza.

Refrain

Tumushime, tumushime, Icubahiro kibe ic’ Umwana w’intama dushim’ Izina Ryiwe.

Couplet 4

Ibiduha kukwizera Cane n’uk’ ushobora Kuzigam’ abo wogeje Ukabakiz’ ivyaha.

Refrain

Tumushime, tumushime, Icubahiro kibe ic’ Umwana w’intama dushim’ Izina Ryiwe.