Indirimbo Zikundwa Open in the app

#26

Mana Rurema ndagushima

Ikirundi

Couplet 1

Mana Rurema, ndagushima, Wabonetse muri Yesu: Urukundo rwawe ni rwinshi Wadukunze twebge twese: Mana, watanz’ uwawe Mwana, Ngw adukirish’ amaraso yiwe.

Couplet 2

Ndaguhimbaza Mwami Yesu, Ko wangiriy’ imbabazi. Kandi wampfiriye ku giti, Unkurakw ivyaha vyanje; Muvunnyi wanje ndagushima, Nguhay’ umutima wanje wose.

Couplet 3

Wasiz’ ubgiza bgawe bgose War’ ufis’ ah’ Iman’ iri: Ub’ Intama y’ Imana yacu, Ikur’ ivyaha vy ‘abantu. Mukiza wanje, ngukundira Imyenda wanyishuriye yose.

Couplet 4

Kand’ iyo niyumviriy’ urwo Rukundo, rurantangaza, Uko nagiriw’ imbabazi n’ugupfa kw’Umwami Yesu Yesu, reka ngukunde cane, Imisi yose ndagushimishe.