Indirimbo Zikundwa Open in the app

#267

Ishengero ry’imana

Umuco

Refrain

Shengero ry’Imana, Shengero ry’Umukiza n’ushime unezerwe, umunzero wawe wuzure kuko I Siyoni, I Siyoni mw’Ijuru ku Mana ibudapfa, niho umutima wawe uziritse.

Couplet 1

Umwami yavuze ati: nagukunze urukundo rutagira akagero, none se weho umpaye iki isi n’ijuru vyose, ibiyaga imisozi n’inzuzi zitemba bitarabaho nari nkuzi.

Refrain

Shengero ry’Imana, Shengero ry’Umukiza n’ushime unezerwe, umunzero wawe wuzure kuko I Siyoni, I Siyoni mw’Ijuru ku Mana ibudapfa, niho umutima wawe uziritse.

Couplet 2

Mbega se womenya, imigabo myiza jewe ngufitiye? Icompa gusa ukanyumvira, wumvire intumwa, wumvire abavugishwa wicishe bugufi, ni ryo shikanwa rimpimbara.

Refrain

Shengero ry’Imana, Shengero ry’Umukiza n’ushime unezerwe, umunzero wawe wuzure kuko I Siyoni, I Siyoni mw’Ijuru ku Mana ibudapfa, niho umutima wawe uziritse.

Couplet 3

Nta gihe na kimwe wigeze usonza, canke ng’ugw’isari wamye unywa kuri rwa rutare ico ndagusavye n’uce bugufi maze uce aho ngucisha ubone kuragwa ibihoraho.