Indirimbo Zikundwa Open in the app

#265

Umpe amahoro

Umuco

Couplet 1

Umpe amahoro Mwami Mana, umpe amahoro nka Abeli, umpe amahoro nka Enoki ./.Kugeza aho uzozira./.

Refrain

./.Amahoro, ivyizigiro, urukundo biri mu kwizera kwa Yesu./.

Couplet 2

Umpe kubona igikorwa cawe, umpe kwizera ijambo ryawe, kugira ishaka nka Eliya ./.Naho nohamwa cane./.

Refrain

./.Imigabo ufitiye, Umugeni nta munyamahanga ayimenya./.

Couplet 3

Ngendere mu kwizera kwawe, ngendere mu kuboko kwawe, mbon’urufatiro rw’intumwa./.Mpishurirwe ukugomba kwawe./.

Refrain

./.Guhahamira isezerano, kurishikira bibonwa n’abahizi gusa./.