#261
Ico nshaka ni kimwe gusa
Umuco
Couplet 1
Ico nshaka ni kimwe gusa, n’ugushika mw’Ijuru, ivyo mw’isi ndabihinyuye, ndonder’ivyo mw’Ijuru.
Refrain
Mbega jewe nzoshikayo (jewe), mw’Ijuru k’Uhoraho Imana, nzorushaho kunezerwa ninashika mw’Ijuru ku Mana Yera.
Couplet 2
Ngaha kw’isi turabashitsi, iwacu ni mw’Ijuru ku Mana ni ho tuzohora, imyaka bo n’imyaka.
Refrain
Mbega jewe nzoshikayo (jewe), mw’Ijuru k’Uhoraho Imana, nzorushaho kunezerwa ninashika mw’Ijuru ku Mana Yera.
Couplet 3
Ewe ncuti ndakuburire, niwizigire vuba uzoronka umunezero niwashika mw’Ijuru.
Refrain
Mbega jewe nzoshikayo (jewe), mw’Ijuru k’Uhoraho Imana, nzorushaho kunezerwa ninashika mw’Ijuru ku Mana Yera.
Couplet 4
Mwene Data reka ivyo vyose n’ukurikire Imana, mbega uwo munsi niwashika, uzogenda mw’Ijuru.
Refrain
Mbega jewe nzoshikayo (jewe), mw’Ijuru k’Uhoraho Imana, nzorushaho kunezerwa ninashika mw’Ijuru ku Mana Yera.
Couplet 5
Iy’iwacu ku Mana Yera, ivyiza biruzuye, n’unezerwe kuj’iy’iwacu, gusanganir’ Umwami.
Refrain
Mbega jewe nzoshikayo (jewe), mw’Ijuru k’Uhoraho Imana, nzorushaho kunezerwa ninashika mw’Ijuru ku Mana Yera.
Couplet 6
Mbega woba wizeye Yesu, kugir’uje mw’Ijuru, kuko niwe inzira n’ukuri, Buging’imyaka yose.